Murakaza neza kuri Howard Center. Dutanga seruvisi zikwiye zijanye n’uburwayi bwo mu mutwe, kunywa ibiyayuramutwe , ubumuga bw’ukudakura ku bana n’izo nyene zindi ku bantu bakuze n’imiryango yo mu gace ka Chittenden. Turizera kw’amakuru ari ngaha ku rubuga rwacu ajanye na serivise zacu n’ibindi nkenerwa azogufasha.
Nimba mufise ikibazo cihuta c’amagara, musabwe guhamagara 9-1-1.
Nimba wewe canke uzi uwukitswe n’amagara, wohamagara 802-488-7777, First Call for Chittenden County, kuri terefone yabigenewe iguma yuguruye 24/7/365. Abahinga bacu baratanga ubufasha yaba kuri terefone canke wishikiye, kugusuzuma no gukemura ikibazo vy’imfatakibanza, kukurangira ahabigenewe, hamwe no kuguha amakuru afasha y’ikibano.
Kuvugana n’umukozi wacu kuvyerekeye seruvisi dutanga, hamagara 802-488-6000. Igihe uhamagaye, uzovugana n’umukozi wa Howard Center azoheza akarondera uwusobanura ururimi uvuga kuri terefone ata buryo bigutwaye.
Muri seruvisi nyinshi dutanga harimwo :
- Kwakirwa hamwe no gusuzumwa
- Kuremesha abana, abakuze n’imiryango
- Ubufasha kubantu bafise ibibazo bijyanye no kudakura mu bwenge no mu bumenyi
- Kuremesha no guha imiti abafise ibibazo bijanye n’ibiyayuramutwe
- ubufasha bwihariye kubantu bafise ibibazo bikomeye vyo mu mutwe
- Indero na seruvisi zijanye no kwiga ku bana, imiyabaga, hamwe n’abakuze
- Ubufasha bujanye n’aho kuba
Turatanga ubufasha kubatishoboye no kubavura. Dushobora gufasha umuntu ikiringo gito canke ubuzima bwiwe bwose. Dufasha abakiri bato n’abashaje. Dufasha abantu mu ngo zabo, ku buzi.
Sandy McGuire, CEO
Howard Center